Igice ca mbere c’intahe ya Viateur CIZA aserukira imbere y’amategeko ikigo Strong Bridge

Nitwa Viateur CIZA nkaba nserukira imbere y’amategeko Ikigo Strong Bridge gifasha abantu bagwaye ingwara ziva ku kwihereza ibiyayuramutwe. Iyi ni intahe y’ubuzima bwanje.
Tumaze kubura umuvyeyi, Data atuvyara, abana batandatu twasigaranye n’umuvyeyi wacu umwe mama. Intambara zisanzwe abana b’impfuvyi n’umupfakazi bagira zongeweko ibindi bibazo vyahungabanije umuryango cane. Nk’aho ivyo bitari bihagije, hitayemwo amagume yateye igihugu c’Uburundi hamaze kugandagurwa Prezida Ndadaye Melchior. Abatari bake barataye izabo bitewe n’intambara, ariko umwana w’umuhungu afise imyaka icumi n’itanu, jewe, nari ngiye gutangura urugendo runganisha mu muhamagaro wanje. Guhura n’ubuzima bwo mw’ibarabara, kwihereza ibiyayuramutwe, gutanguza ishirahamwe riharanira ivyizigiro ku muryango n’ikigo gifasha abagwaye indwara zifatiye ku kwizizirwa n’ibiyayuramutwe, gukorera Imana mu mashengero, ibi ni vyo bigize intahe tuzobashikiriza mu bice bitatu bizokurikirana kuri runo rubuga rwacu guhera muri iyi ndwi.
Vyose vyatanguye mwaka wa 1981, ni ho navuka. Maze imyaka itanu gusa, Data yitaba Imana. Twari abana batandatu, dusigaranwa na mama atuvyara. Ni umukenyezi w’intwari y’ibihe vyose.
Yaratugwaniye kugira dushobore gukura, hagati y’ibintu bitari bike vyaturwanya harimwo ubukene ndetse n’abashaka kwigarurira ibisigi vya Data. Izo ntambara zaratunanije cane, amashure biranka ko bakuru banje bayabandanya, bamwe baragwara n’indwara zidasobanutse. Umwe muri bakuru banje b’abakobwa yaramanutse i Bujumbura, aje gukora akazi ko mu nzu. Uwundi muhungu nawe aramanuka i Bujumbura kurondera uko yisumamwo.
Mu mwaka wa 1996, hari haheze imyaka itatu habaye ivyago ku gihugu c’Uburundi, hagandagurwa Prezida Ndadaye Melchior. Igihugu cinjira mu ndyane zikomeye, kandi ibice vyose vy’igihugu birahungabana. N’aho igisagara ca Bujumbura kiri mu bice vyarimwo umutekano muke kurusha ahandi, jewe n’abahungu batatu bagenzanje, twiyumviriye ko ariho twoja, natwe turabe ko twoshobora kugira ico twishikanyeko. Ku myaka icumi n’ibiri nta hantu na hamwe twari kuja atari kwinjira mu buzima bwo mw’ibarabara. Twaratekeye impuzu mu masashe y’urwatsi rubisi yari agezweho ico gihe, turazinyegeza mw’ishamba. Ariko abo bahungu bagenzanje umusi wo kugenda baragize ubwoba baca barabiheba. Nijewe nahavuye nisigarana muri uwo mugambi nca ndagenda kw’isoko i Mwaro, ndategera bus ya Otraco imanuka i Bujumbura.
Nashitse mu gisagara mu masaha yo ku mugoroba, nsanga amatara ariko araka, ariko sinari mfise icerekezo. Abandi bariko barava mu gisagara bafata ama bus abajana iyo baba, jeho nariko ndarondera uko nja kurara hagati mu gisagara. Niho naronka aho nkika umusaya, nkisegura ya sachet yanje y’impuzu, imbere y’ahari Village Market ubu.
Maze indwi zitatu mu gisagara ca Bujumbura, mukuru wanje, umwe navuga yari asanzwe ari ino, yarambonye, arankarira cane ko nahevye ishure, aca aranjana ku Musaga, andihira imodoka indugana, andungika muhira. Ariko nururukiye mw’Ijenda nca ndagaruka nkoresheje amahera yampaye nja kuriha. Kubera gutinya ko dusubira guhra, naciye nja kwaka indaro ku Musaga, kwa muvyaranje yabaho, ariko abo babana ntibanyakiriye neza, baciye bansohora sasita z’ijoro, kandi hari mu mwaka wa 1996, ico gihe ku Musaga hari umutekano muke cane. Naciye mva hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri, ngenda hafi y’uruzi rwa Mpimba, ruri hagati y’ibarabara rya kabiri n’irya gatatu, nyegera mu kizu cari kihari, ndaryamayo. Ariko mu nyuma, numva uwundi muntu aje akabakaba nka kumwe na haza, nca ndagira ubwoba, niho namusunura, nca ndiruka. Sinabona imbere, sinabona inyuma kandi narumva ko nshobora kwicwa umwanya uwari wo wose. Nca mfata ingingo yo gusubira hamwe banyirukana, ndivuganya, nti nimba nopfa, mpfire hafi y’aho banzi, basi ikiziga canje bazogitore. Ngezeho naciye mbona haruguru gato, umurima w’amateke menshi cane yari musi y’igiti c’ivoka. Ndaryama. Aho hantu nahamaze indwi zitatu ari ho ntaha.
Mu nyuma ndasubira mw’ibarabara, kwa Kapa, imbere y’amazu, igi caniveau co kuri stella. Mukuru wanje ntiyasubiye kumfata kuko naramucunga ndamubonye nkamwinyegeza. Nta numwe yantahura bose bashaka ko niga ariko jewe narabona ko ata vyizigiro na bikeya mfise vyotuma mbandanya amashure. Akabonge ka mama kari kenshi kuko yabona urugamba yagize rwo kugwanira kazoza k’abana biwe gasa n’akariko karazimangana.
Mw’ibarabara hari inzara, hakaba imbeho, hakaba imibu. Twarara mw’ibarabara imbere y’amazu y’idandarizo muri ville. Kugira turonke ico dufungura vyasaba ko turondera aho twokwiba, canke tugakora ubuzi bwo kwikorera imizigo y’abantu bariko barasuma. Mu gihe naba naronse ico mfungura naja ahitwa kwa Kidonzi, ngafungura ibifungurwa vyasa n’ibizimbutse.
Sinzigera nibagira ingene mushiki wanje yakora akazi ko mu nzu kuri Mutanga Sud yahora anyibira ivyo kurya akabishira mu biti vy’urugo, nkaja kubifungura. Ikindi cambayeko umusi umwe naburaniwe, nagiye mu Kinanira, kw’ibarabara rya mirongo ibiri na rimwe, mbaza izina rya inarugo umukozi waho nari mbonye. Nca ndagenda muri boutique yari iruhande yaho, ndababesha ko uwo mu mama antumye umukate na sardine, mvuga ko ndi umukozi waho mushasha, barabimpa ; nca ndagenda ndabifungura. Igitangaza gikomeye muri ibi n’uko maze guhura n’umwami Yesu, ngatangura gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, naciye nshira salon yo kumwa aho hantu nyene. Kandi yaba uwo mu mama canke uwo yadandaza muri boutique narabasavye imbabazi ndanabashingira intahe.
Inkuru y’umwana isubiye inyuma, n’uko nkiri ngaho mw’ibarabara haje umugambi wa Leta y’Uburundi ifadikanije na Ambassade y’Ubufaransa wo gukura abana mw’ibarabara, babicishije mu mugambi bise CRIEJ, bakabigisha imyuga, jewe nca mpitamwo kwiga umwuga wo kumwa. N’aho wamengo ndatabawe ndavuye mw’ibarabara, kuronka akazi kanje vyampaye inzira yagutse yo kwihereza ibiyayuramutwe mu buryo bukabije. Niho nanyereye ibiyayuramutwe vyinshi, kandi ndabisangira na benshi. Abo bantu twabisangira, nibo bazananyemwo incuti twahagurukanye ngo tubirwanye, maze kumenya umwami Yesu. Ibi tuzobigarukako mu gice kigira kabiri c’ino ntahe.
Imana ibahezagire.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *